Scroll to Top

#Indundi Sports| Zesco United ya Enock na Ntibahezwa itsinzwe na Lusaka Dynamos(1-2).

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 10 Aug 2017 15:40 PM / /

Kuri uno muhingamo w’igenekerezo rya 10 Myandagaro, mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Zambia, ahasanzwe hakina abasore babiri , baherutse kuja mu mugwi wa Zesco United. Uyo mugwi wari uramutse uhura n’umugwi wa Lusaka Dynamos uri mu kibanza ca 4.

Urukino rero rukaba rwarangiye  ku ntsinzi ya Lusaka Dynamos y’ibitsindo bibiri kuri kimwe (1-2), intsinzi waronkeye  ku kibuga ca Zesco United ( Levi Mwana Wasa Stadium), kiri mu gisagara ca Ndola. N’ubwo rero umugwi wa Zesco United watakaje urwo rukino, wagumye mu kibanza ca mbere c’ihiganwa  ryo mu gihugu ca Zambia, n’amanota 38 mu nkino 19.

Mu makuru yavuye  hafi y’umusore Enock Nsabumukama, n’uko uyo musore yari yashizwe ku rutonde rw’abakinyi 18 bakinishwa,  n’ubwo atashoboye kuja mu rukino.

Enock Nsabumukama na Dieudonne Ntibahezwa, bakaba baherutse gushika muri Zesco United,  bavuye muri Messager Ngozi, aho baguzwe inyuma y’ukwigenza neza mu nkino zibiri, bakinye mu gikombe ca Afrika mu migwi yatwaye ibikombe iwabo ( Coupe de la Confederation).

 

3,968 total views, 7 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel