Scroll to Top

Arahumuriza abarundi bahungiye mu Rwanda no mu Buganda

By La Rédaction / Published on Friday, 11 Aug 2017 00:51 AM / /

Abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda hamwe no mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale mu Buganda barahumurizwa ko bashobora guhunguka kuko ata muntu n’umwe ariko arabakurikirana.

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zikundisha igihugu, umushikiranganji Pascal Barandagiye, abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda hamwe no mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale mu Buganda barahumurizwa ko bashobora guhunguka kuko ata muntu n’umwe ariko arabakurikirana.

Umushikiranganji Barandagiye akaba yashikirije ivyo mu gihe hari abashingamateka bamumenyesheje ko hari abarundi basanzwe bari hanze y’igihugu batinye guhunguka bibaza ko bashitse mu Burundi bohava bakurikiranwa n’ubutungane.

Kuri ivyo, umushikiranganji Barandagiye amenyesha ko abasanzwe baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi ko basanzwe bazwi kuko ubushikiranji rw’ubutungane bufadikanije n’umushikirizamanza mukuru wa Repubilika bwatanze urutonde rw’abasanzwe bakurikiranwa n’ubutungane ndetse n’imitahe yabo irasohorwa muri abo rero abahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda ndetse no mu Buganda ngo nta n’umwe ariko akurikiranwa n’ubutungane uretse ko usanga hari urwaruka rumwe rumwe rwahenzwe n’abanyepolitike.

Umushikiranganji Barandagiye akarangiza abahamagarira guhunguka maze bafashanye n’abarundi benewabo basigaye i Burundi guteza imbere igihugu cabo.

4,781 total views, 3 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel