Scroll to Top

#Indundi Sports| Volley Ball: Inkino z’igice ca kabiri mw’ihiganwa rihuza intara z’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 11 Aug 2017 13:16 PM / /

Aho bukera mu ntara ya Gitega, hazobera inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma, mu nkino zihuza intara z’igihugu cose c’Uburundi, mu rukino rwa Volley Ball.

Imigwi ine iserukira intara zine, niyo rero izohurira  ku kibuga co mu gisagara ca Gitega ku munsi w’ejo. Mwaro- Bujumbura Mairie- Gitega- Bururi, nizo ntara zashitse muri kimwe ca kabiri gishira ica nyuma.

Iyo migwi izohura uku gukurikira:

Bujumbura Mairie-Mwaro

Gitega- Bururi

Izo nkino zikaba zatunganijwe n’ubushikirnganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho z’ugukunda igihugu, mu ntumbero y’ugutsimbataza amahoro, n’ukwigisha urwaruka ukubana neza biciye mu nkino.

Tukabibutsa kugira iyo migwi ishike aho igeze, Gitega yakuyemwo Bubanza, Bururi ikuramwo Ngozi, Bujumbura Mairie ikuramwo Ruyigi, nayo Mwaro yakuyemwo Kayanza.

 

5,873 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel