Scroll to Top

#Indundi Sports| Londres 2017: Niyonsaba – Semenya kuri uno munsi i Londres.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 13 Aug 2017 04:59 AM / /
 Mu mwaka uheze i Rio de Janeiro

 

Mu masaha y’umugoroba, kuri uno w’Imana, igenekenerezo ra 13 Myandagaro, mu gisagara ca Londres, niho haza kurangira ihiganwa mpuzamakugu ry’ugusiganwa. Mu gusiganwa kwa nyuma gutegekanijwe, harimwo, igice c nyuma ku metero amajana umunani (800m), mu bigeme.

Ibihangange bibiri kw’isi mu bigeme kuri io metero(800m), umurundikazi Francine Niyonsaba na Caster Semenya wo muri Afrika y’Epfo, basubira guhurira ku rubuga bahiganirwa umudali w’inzahabu muri izo nkino.

Muri kahise ka hafi, bano bigeme uko ari babiri, ntibarigera bhana agahengwe kuko, aho bahuriye umwe yama afata ikibanza ca mbere ( Semenya), Niyonsaba nawe agafata ikibanza ca kabiri. Ubuheruka, mu gisgara ca Monaco, muri za nkino za Diamond League, Niyonsaba yasizwe ivyijana 20 gusa.

Kuri uno w’Imana, isaha zitatu z’ijoro n’iminota icumi(21h10), n’akandi karyo kuri Francine Niyonsaba ko gushobora kwerekana ko atazama mu gitugu ca Semenya, nk’uko yigeze kuba abivuga ko abandanya yiga ubuhinga bw’ukumwenurira.

8,553 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel