Scroll to Top

Aime Joshua yasohoye urukurikirane yise “Urampagije”

By KING YANN COOL / Published on Friday, 11 Aug 2017 19:05 PM / /

Uturirimbo dushasha n’utwari dusanzwe tumenyerewe kuri Aime Joshua nitwo tuzoba tugize urukurikirane yise “Urampagije”

Urampagije niko kazina umuririmvyi Aime Joshua yatoreye urukurikirane rwiwe rushasha buca ashira ahabona mu giteramo yatumiwemwo.

Kw’igenekerezo rya 20/8 kuri Lycée Technique De Kigobe bakunze kwita Ku bashinwa, Niho Aime Joshua azoshirira ahabona urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo 7. Uwo musi nyene kuwifise amafaranga 5000 akazoca ataha ayitahukanye.

Muri ico giteramo, ukwinjira akazoba ari ku buntu nta mafaranga bazorihisha. Akaba yanaboneyeho akaryo mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine ko gutumirira abakunzi b’umuziki wiwe bose kuzokwitabira ico giteramo.

Mwomenya “ko kiwu” ,” Ur’Imana“,” Ingoma y’umwami“, “ishimwe“,” wansitula“,”Urampagije“, “Ambiance a Gogo “aritwo tuzina tw’indirimbo zigize urwo rukurikirane.

 

4,858 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel