Scroll to Top

Chris D buca asohora amasanamu n’indirimbo yise “Wendo Wangu”

By KING YANN COOL / Published on Friday, 11 Aug 2017 19:16 PM / /

Ibikorwa vya mbere vy’umwumvikana wo gukorana hagati Chris D na Akimm Media Production buca bishirwa ahabona.

Inyuma y’ukumenyesha ko yashize umukono ku masezerano yo gukorana n’ishirahamwe rimwe ryo muri Afrika y’epfo mu bijanye n’umuziki wiwe, Chris D, mu mwanya wo gukubita urugohe ngo akaririmbo gashasha buca gasohoka.

Akaririmbo “Wendo Wangu” niko karirimbo ngo buca gasohoka, ako kakazoza kazananye n’amasanamu. Ivyo vyose bikaba biri mu minwe y’inzu imusahiriza yitwa “Akumm Media Production”.

Uwo muririmvyi akaba buca ashira ahabona ako akaririmbo inyuma y’imisi ata gakacira ku bijanye n’umuziki wiwe.

Hakaba hataramenyekana igihe ayo maserano azomara canke ibisanzwe biri muri ayo masezerano. Inkuru tuzobandanya tubatohoreza.

4,889 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel