Scroll to Top

#Burundi| Urwo sentare nkuru ya Muramvya iherutse kubacira

By La Rédaction / Published on Saturday, 12 Aug 2017 01:05 AM / /

Umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose hamwe n’indishi y’akababaro igera ku mafaranga y’amarundi imiliyoni mirongo ibiri n’umwe n’ibihumbi amajana atanu na mirongo itandatu na bitatu nirwo rubanza sentare nkuru ya Muramvya iheruka gucira abagabo babiri aribo Habonimana Claver hamwe na Ndagijimana Joseph.

Habonimana Claver hamwe na Ndagijimana Joseph bakaba bagiriwe n’ivyaha vy’ugutegura hamwe n’ugushira mu ngiro icaha c’ukwica umushingantahe azwi kw’izina rya Irutingabo Nathanael yahora aba ku mutumba Nyamitwenzi, komine Rutegama, hari mw’ijoro ryo kuwa 2 rishira uwa 3 myandagaro uwu mwaka, ubusuma bukabije mw’idandarizo ry’uwo muhisi, hamwe n’ukujejanga ikiziga ciwe.

Kuri uwu wa kane uheze, igenekerezo rya 10 myandagaro niho sentare nkuru ya Muramvya yumbiriza abo baburanyi aho batahakanye ivyaha bagirijwe n’umushikirizamanza mukuru wa Repubilika banamenyesha mbere ko bari barateguye gukora iryo bara mu kiringo kingana n’imisi itanu imbere y’uko barishira mu ngiro.

Sentare imaze gushira urubanza mu mwiherero ikaba yahavuye icira abo bagabo babiri umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose hamwe n’indishi y’akababaro igera ku mafaranga y’amarundi imiliyoni mirongo ibiri n’umwe n’ibihumbi amajana atanu na mirongo itandatu na bitatu.(21.563.000).

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel