Scroll to Top

#indundi Sports| Amissi Cédric yaraye atsinze igitsindo ciwe cambere muri Al Taawon

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 12 Aug 2017 09:03 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba Amissi Cédric yaraye atsinze igitsindo ciwe c’ambere, ku mugoroba wo kw’ igenekerezo rya 10 Myandagaro igihe umugwi Al Fateh wariko utaana mu mitwe n’umugwi Al – Taawon Fc.

Urukino rukaba rwararangiye ku ntsinzi y’ibitsindo 4 vya Taawon kuri 1 c’umugwi Al Fateh, muri ivyo bitsindo bine hakaba habonetse igitsindo ca Amissi Cedric ari naco cabaye ica kabiri yacinjije mu minota ya 57 y’urukino .

Amissi Cédric akaba aheruka kugurwa n’umugwi Taawon Fc wo mu gihugu ca Arabie Saudite akuwe mu mugwi Uniao Madeira yo mu Gihugu ca Portugal , inyuma yurwo rukino indundi sports yegereye Amissi Cédric imubaza umunezero yoba afise Amissi Cédric ati :” Ndanzerewe cane kubona natsinze igitsindo canje cambere mu rukino rwa mbere mw’i higanwa ryo muri Arabie Saoudite, ngiye kubandanya nshiramwo inguvu kugira ndabe yuko nofasha umugwi wanje gutahukana igikombe ikindi ni amasegesho  azotuma ntera iyindi ntambwe.”

Mu kibukako Cédric Amissi yakiniye imigwi itari Mike ya hano iwacu nka Isonga Fc yamureze, Elite Fc, Rayon Sports, Chibouto Fc yo muri Mozambique tutibagiye na Uniona Madeira muri Portugal muri kino gihe akaba ari mu mugwi Al -Taawon Fc.

10,435 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (1)

Guest
2017-08-14 00:00:00

Yakiniye na Prince Louis yo mu Burundi

Write a comment ...
Post comment
Cancel