Scroll to Top

Aba fans ba Sat b bise Ashley Diva umwe mu bagurisha umubiri

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 12 Aug 2017 09:06 AM / /

Ashley yashizwe mu gitigiri c’abigeme badandaza umubiri n’abasanzwe bakurikirana urubuga rwa Sat-b mu kudashaka ki yoba mu rukundo na Sat-b ubwiwe.

Yaba Ashley ya Sat-b, about bose batewe ivyatsi na bamwe mu bagize Ico bashikiriza kw’ishusho ya Ashley Sat-b aheruka gushira Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Sat-b akaba aterwa ivyatsi kubera ngo yoba yahevye umugore n’abana ho akurikire uwo mukobwa – Ashley – bagiriza kuba yoba ari mu gitigiri c’abigeme badandaza umubiri. Aho Sat-b asabwa kuvavanura n’uwo mukobwa.

Abandi Bo bakaba batera ivyatsi ico ciyumviro c’ukuba mu rukundo na Ashley kuko kubwabo babona ko bitabereye umuntu avuga ko afise Ico ahanura abantu, ariko akifatanya n’abakobwa nkabo.

Sat-b kandi yabwiwe na bamwe ko akwiye kwitandukanye n’ingeso zitwa iz’abando Bose, kuko ngo kuba umuririmvyi ntibisobanura kuba agapfizi ka komine.

Naho yatewe utwatsi na bamwe, hari abandi nabi bamuteye amashurwe muri urwo rukundo, ariko bagaca bamusaba guca atekereza akava inyuma y’ibiguruka noneho akagumana na Ashley wenyene.

Abo babishikirije kuri iyo shusho Sat-b yashize kuri urwo rubuga, mu gihe Ashley nawe nyene hari iyiwe yari yashize Ku rubuga rwa facebook iwe nawe akandika amajambo akomeye.

Mwomenya ko hari haheze imisi ivy’Urukundo ruvurwa hagati ya Sat-b na Ashley bisa n’ivyacureshe, ariko bisa nivyasubiriye kandi kuvyuka.

15,959 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel