Scroll to Top

Amasobe ya Wema Sepetu agiye gutuma yambikwa izera

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 12 Aug 2017 08:59 AM / /

Urubanza yagirizwamwo kuba akoresha ibiyovyabwenge ngo ashobora kurutsinda kubera amasobe yiwe.

Mu gihe kuva mu kwezi kwa kabiri kw’uno mwaka Wema Sepetu n’ibindi bihangange bikomeye haba mu Muziki, co kinwe no mw’ikinwa ry’amareresi muri Tanzania bariko barakurikiranwa n’ubutungane bagirizwa ugukoresha ibiyovyabwenge, urubanza rwa Wema rwafashe iyindi ntumbero.

Umucamanza ariko aburanisha Wema eka na Wema n’umushigwamanza wiwe bemeranije kwegeza inyuma urubanza, kugira habanze hapimwe amasobe yiwe ngo bikunde babone ko yoba asanzwe akoresha urumogi canke atarivyo.

Ivyo bishitse mu gihe ubutungane buvuga ko bufise ivyabona birindiriwe kuzanwa imbere y’intahe, kwemeza ko Wema asanzwe arukoresha. Ariko ivyo vyose bikaba ngo vyabanje guhagarikwa.

Urwo rubanza rukaba rwitezwe kandi muri ukuri kwezi igenekerezo rya 15 na 16.

5,091 total views, 53 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel