Scroll to Top

Babbi agiye gusohora akandi karirimbo yakise “Kikomando”

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 12 Aug 2017 08:58 AM / /

Kikomando Niko karirimbo gashasha umuririmvyi Babbi Music agiye gushira ahabona.

Inyuma y’akaririmbo Kwasakwa Kariko gakora neza hirya ni hino muri Tanzania co kimwe na hano Iwacu I Burundi, Babbi ngo buca ashira ahabona akandi karirimbo.

Ako karrimbo kavurwa n’akaririmbo yise ” Kikomando “, kakaba kanamaze guheza gufatwa amasanamu, ariko kakaba katarashirwa ahabona Atari agace k’amasegonda 30 gusa kamaze kuboneka.

Babbi akaba muri ino misi ibintu vyifashe neza cane kuko ariko arakora cane mu Muziki, akaba agize Igihe asohora amasanamu y’indirimbo akunzwe cane n’abakiri bato.

Ntaramenyesha Igihe ako Karirimbo kazoshirirwa ahabona, abantu bakaba bagiteze amaso ijuru. Ariko bakaba bashobora kuguma birabira ako gace amaze gushira ahabona Ku muhora wiwe wa YouTube.

Mwokwibuka ko Babbi asanzwe ariko akorera ibikorwa vyiwe vya misi yose muri leta zunze ubumwe za Amerika.

 

1,083 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel