Scroll to Top

Harimwo igipfungu ku bugeni bivurwa ko Elly’s Boy yoba yagize

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 12 Aug 2017 08:58 AM / /

Hariko hakwirakwizwa amashusho yerekana Elly’s Boy ariko araragana ” Marriage”, ariko bikaba bikogoye kwemeza ko ari ubugeni nyakuri.

Haracari igipfungu Ku mashusho ariko arakeiragizwa hirya no hino mu ma group yaba aya WhatsApp canke Ku buhinga bwa Facebook.

Ayo mashusho akaba yerekana umuririmvyi Elly’s Boy ariko araragana. Bikaba bivurwa ko ashobora kuba ari muri zone ya Nyakabiga I muri komine Mukaza.

Nkuko nari nabivuze, bikaba bigoye cane kuvuga kuko tutarabasha gutora uwo muririmvyi ngo agire Ico abivugako. Ariko bamwe bakaba bavuga ko vyoba arivyo kuko ngo umukunzi wiwe amaze Igihe ari I Bujumbura, abo nyene hakavurwa ko hari n’abahawe ubutumire muri urwo rubanza.

Ariko hari abandi nabi bavuga ko atarivyo kuko ashobora kuba ari ireresi yiwe iriko irakinwa, abandi nabo bakavuga ko ashobora kuba ari amasanamu y’indirimbo ariko arafatwa.

Ivyo muri kahise bikaba vyaranashitse kuri Rally Joe aho nawe vyavurwa ko ashobora kuba yagize ubundi bugeni mu gihe yarasanzwe afise umugore n’abana. Eka vyaranavuzwe kandi ko ashobora kuba yapfuye kubera amashusho yasohotse ago yariko arakina ireresi.

Tukaba tubandanya tubatohoreza iyo nkuru.

2,740 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel