Scroll to Top

Darassa i Kigali ngo rwari urudubi!

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 13 Aug 2017 05:04 AM / /

Darassa i Kigali ngo ntivyamwereye kuko igiteramo ciwe citabiriwe n’imparurwa.

Inyuma y’ibiteramo akoreye i Burundi akitabirwa n’isinzi ry’abantu hirya no hino, i Kigali ngo siko vyagenze kuko yasa n’uwanze ingurube ku musigiti.

Uwo tuvuga si uyundi ni Darassa, umwe mu bihangange vy’aba Rappeurs b’abatanzaniya. Amakuru dukesha ikinyamakuru “Ibyamamare” gikorera i Kigali mu Rwanda n’uko igiteramo aheruka gukorera  i Kigali coba citabiriwe n’abantu baharurwa ku rushi.

Ha mpande y’ukutitabirwa n’abantu benshi,  ngo igiteramo caranatevye cane gutangura kuko aho cari gutangura isaha 12 z’umugoroba (6:00PM) catanguye igihe c’isaha zitatu z’ijoro (9:00Pm).

Darassa amaze guheza kuririmba ngo yabwiye abari ngaho ko kwabaye ukububaha nay’ahandi ngo ukuririmbira imparurwa ntasanzwe abikora.

#Darrassa I #kigali ngo ntivyamwereye kuko yaririmbiye imbere y'imparurwa.

A post shared by King Yann Cool (@kingyacool) on

Ivyo bishikiye Darassa i Kigali mu gihe ngo ryari irya mbere akorera igiteramo i Kigali mu Rwanda. Ico giteramo kikaba cabaye igenekerezo rya 11 myandagaro -8- ahahoze hitwa Camp Kigali.

11,076 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel