Scroll to Top

Kebby Boy agiye gufatira y’indirimbo mu buganda

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 Aug 2017 03:35 AM / /

Kebby ngo ajanywe na vyinshi i Kampala ariko bimwe n’ugukora amasanamu y’akaririmbo “Onyirira”yakoranye n’abagande.

Ikiringo ataramenya nico umuririmvyi Kebby Boy agiye kumara mu gihugu c’Ubuganda yashitsemwo ku musi w’ejo mw’ijoro inyuma y’ugufata indege imwerekeza muri ico gihugu.

Uwo mwanditsi w’indirimbo sina Lawama yamenyesheje Indundi Magazine  ko hari ibikorwa agiyemwo birimwo ugufata amasanamu y’akaririmbo kiwe “Onyirira” yakoranye n’abaririmvyi b’abaganda aho aherukayo mu giteramo Rwanda Burundi Night.

Muri ico kiyago twagiranye twamubajije nimba hari igiteramo yoba yiteze gukorerayo, yaduhakaniye atubwira ko atarivyo, ngo nayahandi hobaye harasohotse ama Affiche. Ariko kebby akaba adahakana ko hari n’ibindi agiye gukora ariko ashima kugira ibanga muri kino gihe.

Akaba ajanye na Manager wiwe Ibbra hamwe n’uwusanzwe afata amasanamu yiwe yaho ahonyoje ikirenga buri gihe.

1,403 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment