Scroll to Top

#Indundi Sports| Ibipimo nyamukuru bigiye gusabwa ku bakinyi bahindura imigwi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 16 Aug 2017 23:27 PM / /

Kugira ng’umuntu ashobore kurangura akazi kiwe ka minsi yose anatange n’umusaruro ukwiye , amagara yiwe ategerezwa kuba ameze neza, no mu nkino nico kimwe. Ni muri iyo ntumbero, mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, biciye mu gisata gishinzwe amagara muri iryo shirahamwe cashize ahabona bimwe mu bipimo bigiye gutangura gukorerwa buri mukinyi aguzwe mu mugwi mushasha.

Ku bwa muganga Boniface Maronko asanzwe arongoye ico gisata, kugira hatangwe uruhusha mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru y’uko umukinyi aguzwe aha akaja ahandi, hazomanza kwerekanwa ibipimo bibiri nyamukuru navyo bikaba: Igipimo c’ingene umutima utera ( Electro Cardiograme) , igipimo c’amahaha( Radio- Thorax).

Ivyo bipimo rero bizofasha kugira ngo hamenyekane uko amagara y’abakinyi yifashe, kugira hakingwe amasanganya y’abakinyi ashobora gushika nk’abakinyi bashobora kugwa mu kibuga. ¬†Ikindi uyo muganga yashikirije n’uko hagiye gusabwa ko abakinyi bose bahabwa ¬†agatabu ko kwivurizako n’imiryango yabo ( Assurances), mu ntumbero y’ukubakingira n’ukubavuna mu buryo w’ukwivuza.

Turangize tubamenyesha ko muri kino gihe hasohotse itegeko ko buri mugwi wo mucicaro ca mbere utegezwa kuba ufise umuganga akurikirana amagara y’abakinyi buri munsi.

 

1,270 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel