Scroll to Top

Indundi Sports| Nsabiyumva Frederic yasubiye muri Jomo Cosmos.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 16 Aug 2017 23:28 PM / /

 

 

Umukinyi myugariro wa Jomo Cosmos n’intamba mu rugamba, Nsbiyumva Frederic yasubiye muri Jomo Cosmos, inyuma y’iminsi akorera imyimenyerezo muri Ajax Cap Town yo mu cicaro ca mbere co muri Afrika y’Epfo.

Nk’uko twari twabimenyesheje mu ntango za kuno kwezi kwa Myandagaro, umukinyi kizigenza wa Jomo Cosmos n’intamba mu rugamba, Nsabiyumva Fredric yari agize iminsi akorera imyimenyerezo muri Ajax CapTown yo mu cicaro ca mbere muri Premier Soccer League.  Aho yahakinye n’inkino za kivandimwe n’imigwi nka  Bidvest Wits, SuperSport United na Maritzburg United, imbere y’uko ihiganwa ritangura.

Amakuru ava mu kinyamakuru co muri Afrika y’Epfo SoccerLaduma, yamenyeshejeko uyo musore yisubiriye muri Jomo Cosmos aho yaheruka kongeza amasezerano y’imyaka igera kuri ibiri.

Nsabiyumva akaba amaze imyaka igiye kuba ine muri Jomo Cosmos yo mu cicaro ca kabiri, yahashitse mu mwaka wa 2014 mu ntango, aho amaze kuba umwizigirwa na kizigenza wawo Jomo Sono.

1,784 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel