Scroll to Top

Safi Madiba nawe ngo yipfuza kuzoba umushingamateka

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 Aug 2017 23:34 PM / /

Safi Madiba mu Rwanda ngo afise umugambi wo kwitoza abe umushingamateka.

Inyuma ya Kidum muri 2005, abandi baririmvyi batandukanye baragerageje, abatari bake barabasha kwinjira muri Politique kandi n’akazi kabo k’umuziki karabandanya. Aho tukavuga nka Proffessor Jay muri Tanzania, Bobi wine muri Uganda hamwe na Jaguar muri Kenya baheruka gutsinda ubu bagaharurwa  mu gitigiri c’abashingamateka muri ivyo bihugu vyabo.

Hampande yabo aho inyuma mu gihugu kibanyi c”urwanda, uwundi muririmvyi nawe nyene afise icipfuzo nkico, uwo nawe s’uyundi n’umwe mu bagize umurwi Urban Boys uheruka gutwara ikibanza ca 1 muri Primus Guma Guma Supers Stars.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda yamenyesheje ko yipfuza ko mu myaka 5 iri imbere yipfuza kuzoba ari mu nama nshingamateka, Inteko nshingamategeko mu Kinyarwanda.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yavuze ko afise ivyiyumviro bitomoye ashima gushikiriza kandi bigashirwa mu ngiro, igica ngo kimuganisha muri ico kibanza avuga ko ashaka kuzoba arimwo mu myaka itanu iri imbere.

Madiba asanzwe muri kino gihe afise ibikorwa bitandukanye bijanye n’ubucuruzi birimwo inzu igurisha ibitenge n’ibiva murivyo, akaba abaye uwa mbere mu gihugu kibanyi c’Urwanda yipfuje ico kibanza akabishira ahabona. Akavuga ko ariko aritegura neza muri iyi myaka.

Ivyo abishize ahabona mu gihe haheruka kuba amatora y’umukuru w’igihugu muri ico gihugu c’imisozi  1000, umwe, Paul Kagame, muri 3 bariko barahiganwa agatsinda ku bice birenga 97 kw’100.

3,005 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel