Scroll to Top

Lydia Nsekera yamenyesheje umugwi akunda mu Rwanda

By Editor / Published on Thursday, 17 Aug 2017 04:48 AM / /

Uwusanzwe arongoye ishirahamwe ( CNO ) Commute National Olympique ndetse akaba ari muri bake bakomeye cane mw’ishirahamwe risanzwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi  FIFA, Lydia Nsekera yamenyesheje ko  akunda Rayon Sport usanzwe ukinamwo abarundi Kwizera pierrot hamwe na Shassir Nahimana .


Lydia Nsekera aremeza yuko umugwi Rayon Sport ukina umupira mwiza cane, ikindi gituma awukunda cane n’uko ukinamwo abakinyi babarundi na cane cane Kwizera Pierrot yigeze kuba umukinyi wiwe mu mugwi Athetico Olympic .

Uyu Murundikazi lydia Nsekera yabwiye iradio 10 yo mu gihugu c’Urwanda yuko yatanguye gukurikirana ibintu vy’umupira wa maguru mu Burundi afise imyaka 15 arasubira aravuga umugwi akunda mu bihugu vy’iburayi ni Bayern Munich ndetse n’umugwi Nserukira Guhugu w’ubudagi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel