Scroll to Top

Womenya agaciro k’abakinyi b’abarundi bari muri kano karere?

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 17 Aug 2017 12:21 PM / /


Mu ntumbero y’ukumenyesha n’ugushira ahabona bimwe mu biranga abakinyi kugira uwukeneye amakuru yabo yose  ayabone uko abishatse, mu gihugu ca Kenya,  hari ikinyamakuru gikomeye mu vy’inkino ca Transfermarketea.com, cashize ahabona urutonde rwa bamwe mu bakinyi bakomeye , bo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko (CECAFA) n’ibiciro vy’amahera bariko mu migwi yabo, uko bisumbasumbana.

Muri urwo rutonde rw’ico kinyamakuri twasanzemwo abakinyi b’abarundi bagera kuri batatu, abo nabo bakaba bari ku biciro bitandukanye. Arakaza Mac Arthur ( KAKAMEGA HOMEBOYZ), Tambwe Amissi ( Yanga Africans), Laudit Mavugo( Simba Sports Club).

Bano basore b’abarundi twashimye kubaha ikiguzi cabo nk’uko biri muri Transfermarketea.com.

  1. Arakaza Mac Arthur : Goal Keeper. Market Value: 5,2 milions Kenyan Shilings
  2. Tambwe Amissi: Striker: Market value: 4,9 milions Kenyan Shilings
  3. Laudit Mavugo: Striker . Value Market: 4,8 milions Kenyan Shilings

Umunyegoli Arakaza Mac Arthur akaba ari mu bakinyi bafise agaciro kanini inyuma y’abakinyi bakomeye muri kano karere nka Emmanuel Okwi wa Simba SP, Msuva wa Yanga Africans) azimvye kuruta abandi.

Ivyo bikaba bishobora gutuma bano bakinyi bashobora kuronka imigwi ahandi biciy muri ico kinyamakuru congera kigashira ahabona aho abo bakinyi bagiye  baraca.

1,240 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel