Scroll to Top

Irambona Massudi arashobora kwerekeza muri APR?

By Editor / Published on Thursday, 17 Aug 2017 12:24 PM / /

Igenekerezo rya 08 Mukakaro umwaka wa 2017 niho Irambona Massudi Djuma yahora ari umumenyereza w’Umugwi Rayon Sports yashikirije yuko ahagaritse amabanga yo kumenyereza uwo mugwi amaze no guha igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League .

Gushika ubu nta mugwi numwe urashobora guha amasezerano uwo mumenyereza eka nta nuwo boba baragirana ibiganiro kuko imigwi nka yose yongereje amasezerano mashasha abamenyereza bayo.


Nubwo vyavuzwe ko ashobora kuja mu mugwi Police FC batari bwongereze amasezerano, bahavuye bongera amasezerano Seninga Innocent nivyegera vyiwe bari basanzwe bawumenyereza.

Massudi Djuma rero muri kino gihe akaba ata mugwi agifise nubwo hariho amakuru avuga yuko ashobora kwerekeza mu mugwi APR FC kuko uwusanzwe amenyereza APR FC Jimmy Mulisa atarongerezwa amasezerano, mugihe asigaje amezi abiri gusa kugira arangize amasezerano.

3,140 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel