Scroll to Top

Gaël Duhayindavyi yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze umwaka

By Editor / Published on Thursday, 17 Aug 2017 12:19 PM / /

 

Hari Igihe c’ isaha icenda z’umuhingamo wo kur’uwu wa 17 myandagaro aho abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi bari baramutse batora umukinyi mwiza yaranze primus league y’umwaka 2016-2017 . Gael Duhayindavyi niwe yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze Primus League 2016- 2017 ku majwi angana 56 uwa kabiri ni Franck barirengako nawe afise amajwi 17 uwagatatu, Enock Nsabumukama afise amajwi atarenga 5 gusa.

Gaël Duhayindavyi akaba yari akinira umugwi Vital’o Fc watwaye ikibanza ca gatatu mwi higanwa Primus League 2016 – 2017 akaba ariyo incuro yiwe yambere atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus League akaba agiye guhabwa agashirukabute kangana n’amafaranga umuriyoni w’ a marundi ayo mahera akazoyahabwa itariki 20 kuno kwezi nyene.

Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi ryatunganije ihiganwa rizohuza imigwi ine 4 yabaye iya mbere muri Primus League aho igenekerezo rya 19 myandagaro mu Ntara ya gitega hazoba urukino ruzohuza umugwi Athletico Olympic hamwe n”Umugwi Aigle Noire isaha umunani, isaha cumi LLB hamwe n’umugwi na Vital’o , uwuzotinda hagati yiyo migwi azoca akina n’uwundi urukino rwanyuma igenekerezo rya 20 myandagaro muri iyo ntara nyene. Kazoba arakaryo Keza ko gutanga udushimwe dutandukanye harimwo aka Gael Duhayindavyi, tutabiye nuwatsindiye igikombe ca Primus league (LLB).

Mu kibukako Gaël Duhayindavyi amaze kugurwa n’umugwi wo mu gihugu c’Urwanda Mukura Victory sport akaba yarasinye amasezerano y’imyaka ibiri.

Gael Duhayindavyi niwe ahejeje gutorwa nk’umukinyi mwiza yaranze Primus League 2016- 2017 ku majwi angana 56 uwa kabiri ni Franck barirengako nawe afise amajwi 17 uwagatatu, Enock Nsabumukama afise amajwi atarenga 5 gusa.

Gaël Duhayindavyi akaba yari akinira umugwi Vital’o Fc watwaye ikibanza ca gatatu mwi higanwa Primus League 2016 – 2017 akaba ariyo incuro yiwe yambere atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus League akaba agiye guhabwa agashirukabute kangana n’amafaranga umuriyoni w’ a marundi ayo mahera akazoyahabwa itariki 20 kuno kwezi nyene.

Igenekerezo rya 19  Myandagaro kuri uwu wagatandatu mu Ntara ya Gitega hazoba urukino ruzohuza Athletico Olympique hamwe n’umurwi Aigle Noir ; urwo rukino rukazotangura isaha ndwi n’inusu y’inyuma y’umutaga nayo uruzokurikira rukazohuza umugwi LLb na Vitalo rukaba ruzotangura isaha cenda n ‘igice . Kazoba ari akaryo Keza ko gutanga udushimwe dutandukanye harimwo aka Gael Duhayindavyi, tutibagiye  n’uwatsindiye igikombe ca Primus league (LLB).

Mu kibuka ko Gaël Duhayindavyi amaze kugurwa n’umugwi wo mu gihugu c’Urwanda Mukura Victory sport akaba yarasinye amasezerano y’imyaka ibiri.

1,113 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel