Scroll to Top

#indundi | Ibara ryarahatswe kurwa mu giteramo The Ben yakoze kuri uyu wa gatanu

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 20 Aug 2017 07:10 AM / /

Umwe mu bigeme bari bitavye igiteramo The Ben aheruka gukorera  I Kigali mu Rwanda yataye ubwenge, arazungurirwa yikubita hasi abonye The Ben kuri Podium.

Ibara ryarahatswe kurwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho umwigeme yataye ubwenge yikubita hasi bivuye kuko yabonye umuririmvyi The Ben ariko aririmba.

Amakuru dukesha abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu, avuga ko uwo mwigeme Atari bwabonane n’uwo mwigeme imbona nkubone, ariko biza kuvamwo kumuhobera. Uwo mwigeme yanahavuye yakirwa na Croix Rouge ashirwa mu kibanza cari cagenewe kuvuriramwo uwogira ikibazo.

Amashusho ariko arakwiragizwa akaba yerekana uwo mwigeme ariko ahoberana na The Ben aho bivurwa ko yamuhobereye umwanya utari muto. Ayo makuru abandanya avuga ko yamurekuye yamaze gutora utuguvu aho bose baciye bafata inzira zinyuranye aho umwe yasubiye ku kazi kamuzanye uwundi afata inzira imutahukana nkuko ayo makuru abandanya adushikira abishikiriza.

The Ben akaba agarutse I Kigali inyuma y’imisi asubiye inyuma aho yari yahamagawe irya mbere inyuma y’imyaka irenga 5 abarizwa ku mugabane wa amerika aho yariko akorera ibikorwa  vyiwe vya misi yose n’ivy’umuziki.

Ico gisida kikaba cabaye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 myandagaro aho hariko haba igiteramo c’ukwishimira irahira ry’umukuru w’igihugu kibanyi c’Urwanda, I Kigali.

9,652 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel