Scroll to Top

#indundi | Kebby Boy yatanguye gukorera amashusho y’akaririmbo “Onyirira” muri Uganda

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 20 Aug 2017 07:12 AM / /

Kebby boy yatanguye gukora amasanamu n’umurwi wo mu gihugu c’ubuganda, Voltage music, baheruka gukorana akaririmbo.

Amashusho atandukanye ava mu gihugu c’ubuganda, yatanguye gukwirakwizwa hirya no hino mu ba Fans b’umuririmvyi Kebby Boy. Ayo akaba amwerekana arikumwe n’umurwi wo muri ico gihugu, Voltage Music, baheruka gukorana akaririmbo, ako muri kino gihe bariko bakorera amasanamu.

Ayo mashusho akaba yiyongereyeko ay’uwo muririmvyi ari muri imwe mu nsamirizi zo muri Ico gihugu, aho yari yitavye ikiganiro Yari yatumiwemwo.

S’abakunzi b’umuziki wiwe gusa kuko nawe nyene ubwiwe acishije ku mbuga Ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, Ku musi w’ejo yarashizeko izo shusho.

Mwomenya ko Kebby iyo ari mu gihugu c’ubuganda, yamenyesheje ko atazi neza Igihe azomara muri Ico gihugu.

9,946 total views, 0 views today

Add Comment