Scroll to Top

#kigali Patoranking yavuye kuri Podium asa n’uwambaye ubusa kubera umukobwa

By KING YANN COOL / Published on Monday, 21 Aug 2017 21:52 PM / /

Patoranking i Kigali mw’isabukuru Kigali Up ry’uno mwaka -2017- yavuye kuri Podium asa n’uwuri gusa kubera isabukuru ry’amavuko y’umwe muba fans biwe.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 myandagaro, umuririmvyi Patoranking akomoka mu gihugu ca Nigeria yabarizwa i Kigali mw’isabukuru ryitwa Kigali Up risanzwe riba buri mwaka. Uyu musore akaba yakoze ibitari bwagakorwe n’abaririmvyi bari bamaze guca muri iryo sabukuru nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru nyarwanda abishikiriza.

Uwo muririmvyi akaba yagabiye uduhuzu tumwe mutwo yari yambaye umwigeme yari yagize isabukuru ry’amavuko uwo musi nyene w’ico giteramo. Uwo akaba yabanje kwanza guhamagarwa kuri Podium ngo abanze atambane nawe, hampande y’ivyo yanafashe akanya ko kumwipfuriza isabukuru nziza akoresheje Video yashizwe ku muhora wa Snapchat w’uyo mwigeme, Leslie.

Muvyagabiwe uwo mwigeme harimwo amarori, inkoferi hamwe n’agashati vya Patrick Nnaemeka Okorie azwi cane nka Patoraking. Ivyamuviriyemwo kuva kuri Podium ari gusa mu gatuza.

Ariko arakuramwo agashati ngo akagabe
Ariko amwambika ishapo, arori yo yari yayaronse kuva kera

Patoraking ivyo vyose yabikoze mu mwanya w’agasunuzo igipolisi c’Urwanda cari camuhaye kubera umwanya w’ico giteramo wari wamaze kurangira, ariko aza gusaba imbabazi ngo bamwongere umwanya mutoya aryohere aba fans, ico yahavuye ashimira igipolisi c’Urwanda.

Mwomenya ko iryo sabukuru ritari ryatumiwemwo uwo  gusa kuko n’ibihangange muri Afrika nka Alfa Blondy, Ismael Lo n’abandi bakomoka mu bindi bihugu bari batumiwe ngo baryohere abanya Kigali mu kiringo c’imisi 2 guhera isaha 4 z’igitondo.

Bariko barifat aamasanamu ashirwa ku muhora wa Snaptchat

8,428 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel