Scroll to Top

Isabukuru ry’ikiribwa Rolex mu gihugu c’Ubuganda

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 23 Aug 2017 10:03 AM / /

Ikiribwa Rolex cakorewe isabukuru Ku ncuro ya kabiri mu gihugu c’Ubuganda.

Ikiribwa citwa Rolex gisanzwe gikunzwe cane mu gihugu c’Ubuganda, gitegurwa  hakaranzwe amagi n’icapati canke Amagi n’ifiriti, camaze kuba rurangiranwa muri ico gihugu.

Ikinyamakuru New vision caho kivuga ko ico kiribwa catanguye gifatwa ibisanzwe kuko casahiriza abashaka gufungura bisanzwe, ariko uno musi ngo camaze gufatwa ku rundi rwego kuko batanguye kunagikorera amasabukuru.

N’inyama ntizari zatanzwe

Hampande y’ayandi masabukuru nka Nyama Choma asanzwe akorwa mu Tanzania eka no muri Kenya, Ubuganda nabwo uno mwaka neza neza ku musi wa mungu igenekerezo rya 20 Myandagaro, bakoze isabukuru ku ncuro ya kabiri yitiriwe Ico kiribwa Rolex, Kampala Rolex Festival.

Nkuko amashusho avyerekana, iryo sabukuru ntiryitabiriwe n’abakiri bato gusa canke abaganda gusa, ahubwo n’abazungu nabo bararyitabiriye kuko nabo basanzwe batisigaza inyuma mu gukunda Ico kiribwa gisanzwe gihembura, kikanatunga abatari bake.

1,820 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel