Scroll to Top

Kenya yaraye yemeye gutunganya CECAFA Senior Challenge 2017.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 23 Aug 2017 13:16 PM / /

Amakuru ava ku kinyamakuru ca Daily Nation co mugihugu ca Kenya ashira ahabona ko ico gihugu kigiye gutunganya ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge ku migwi nserukira bihugu yo muri kane karere ko mu buseruko bwa Afrika.

Mu gihe irihiganwa ryategezwa kuba ku mwaka ku mwaka, umwaka uheze warangiye atahiganwa na rimwe rya  CECAFA ribaye ku migwi yatwaye ibikombe, imigwi nserukira bihugu, kuri uno mwaka Kenya izotganya ico gikombe mu ntumbero y’ugutegura igikombe ca CHAN2018, rizoba mu ntango z’umwaka uza.

Ishirahamwe  rya CECAFA rikaba ryagiye riragira ibibazo vy’uburyo muri kino gihe, ivyanatumye amwe mu mahiganwa yahozeho kera atakiba, aho twovuga nk’ihiganwa ry’abataterenzaimyaka 17, abatarenza imyaka 20. Mu mwaka uheze  hakaba hatangujwe ihiganwa ry’abigeme.

Ikiboneka n’uko CECAFA Kagame Cup yo itaramenyekana aho izobera gushika kuri uno munsi, igashobora kutaba nk’uko iyo mu mwaka uheze itabaye.

Kano kazoba kabaye akaryo keza ku mugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba, uzoba uronse ihiganwa witabira, inyuma y’ugusezererwa mu mahiganwa y’igikombe ca CHAN2018.

8,728 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel