Scroll to Top

Mavugo ageze ku bikombe bibiri nyamukuru kuva ashitse muri Simba.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 23 Aug 2017 13:16 PM / /

Inyuma y’urukino rw’igikombe citiriwe Ngao ya Jami, rwabaye kuri uno muhingamo mu gisagara ca Dar es Salam, Simba igatahukana intsinzi biciye mu mapenalti, umusore w’umurundi Laudit Mavugo akwije ibikombe bibiri nyamukuru, inyuma y’umwaka akinira uyo mugwi.

Mu rukino rutoroheye impande zose inyuma y’ukurangiza urukino atawubonye izamu rya mugenzi we, baza kwikora kuri za penalti, gutyo Simba itahukana zitanu kuri zine za Yanga Africans.

Umugwiwa Simba Sports Club ukaba utwaye ico gikombe ku ncuro yabo ya gatatu ( 2011-2012-2017), mu gihe abakeba babo Yanga Africans ariwo mugwi ufise ivyo bikombe ku bwinshi kuva mu mwaka wa 2001 gitangujwe (2001, 2009, 2010, 2013 na 2014).

Urwo rukino rukaba rwinjije amahera yabaya imiliyoni amajana ane y’amahera y’amanyatanzania, bivanye n’abantu isinzi bari barwitabiriye.

8,437 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel