Scroll to Top

Arakaza Mac Arthur ashobora kumara ikiringo gito inyuma y’ikibuga.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 23 Aug 2017 13:14 PM / /

Ku muhingamo w’uno wa gatatu (23/8/2017), ihiganwa ry’umupira w’amaguru  mu gihugu ca Kenya ryabandanije, aho umugwi wa Homeboyz Kakamega, ukinamwo Arakaza Mac Arthur watahukanye amanota atatu, utsinze Bandari ku gitsindo kimwe ku busa (1-0).

Uno munyegoli w’umurundi, n’ubwo umugwi wiwe watahukanye intsinzi, we ntiyshohotse ikibug amaermbe kuko yakomeretse urutoke ndetse ngo akanashobora kumara ikiringo kingana indwi imwe canke irenga atari mu kibuga, n’ubwo umuganga w’umugwi wiwe ataragira icavuze.

” Ndarindiriye imyimenyerezo y’ejo mu gatondo, niho umuganga azogira icavuze ariko ndabona hashobora guhera indwi imwe canke irenga ntari mu kibuga”

Kakamega HomeBoyz ikaba yagarutse mu kibanza ca gatandatu n’amanota mu nkino 20  z’ihiganwa rya Kenya Premier League.

4,495 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel