Scroll to Top

Sports Life Kazoza Academy izorangiza ibikorwa vy’ici muri ino ndwi.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 29 Aug 2017 13:50 PM / /

Mu mpera z’ino ndwi turimwo, ku munsi wa gatandatu (2/9/2017), niho hategekanjiwe ibirori vy’ugusozera ibikorwa vyo muri rir’ici, mw’ishure ry’urukino rw’amaboko Basket Ball, Sport for Life Kazoza Academy.

Nk’uko twabimenyeshejwe n’umwe mu barongoye iryo shule, ku munsi wa gatandatu bazoba baramutse barangiza ibikorwa bari bamazemwo ikiringo kingana n’amezi abiri yose, bigisha urukino rwa Basket Ball. Ibikorwa bizotangura mu gatondo ka kare, aho basanzwe bagirira imyimenyerezo ku kibiga ca Parquet. Hakaba hatumiwe abo bose bashobora gufata mu mugingo urwo rwaruka rukiri ruto  hamwe n’abavyeyi b’abo bana.

Tukabibutsa ko Sport for Life Kazoza rifise kuriuno munsi abana bagera kw’ijana na mirongo ibiri, bari mu myaka itandukanye kuva ku myaka ine gushika kuri 17.

 

4,909 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel