Scroll to Top

SAPROSS-BURUNDI: Abanyeshure 2000 baramaze kwigishwa neza igiswahili

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 29 Aug 2017 22:20 PM / /

Mu nyubakwa za Kaminuza nderabigisha ENS, igenekerezo rya 27 Myandagaro 2017,ishirahamwe ry’abanyeshure bava mu makaminuza yo Burundi atandukanye bashaka guteza imbere ururimi rw’igiswahili mu Burundi,SAPROSS-BURUNDI (Solutions Académiques à la Promotion du Swahili Standard) ryarashikirije impapuro abanyeshure 164 zemeza ko barangije inyigisho, nkuko vyashikirijwe n’uwurirongoye, Pierre Claver Harerimana.

Imbere yo gutanga izo mpapuro habanje gushikirizwa icigwa kijanye n’amamuko n’ivuka ry’ururimi rw’igiswahili mu karere ko mu buseruko.Umwigisha w’igiswahili Manirampa Abraham nyene gutanga icigwa ati:”Abantu benshi barihenda ngo ururimi rw’igiswahiki ngo rwazanywe n’abakoroni.Baje barusangaho rukoresha cane cane mu budandaji.Aho ni nko mu bihugu vya Tanzaniya n’ibindi vyegereye ibahari hindiyano”.Abraham yavuze ko abo bazungu b’abakoroni bahavuye baca bakoresha igiswahili kugira baronke ingene bacengetera abadandaza b’abanyafrika maze babona kucitaho mbere bagiha n’imero gifise gushika uno musi.

Umupfasono Dorothée Nshimimana , bita Mlezi

SAPROSSBURUNDI yihaye imigambi itari mike nkuko vyemezwa na Alain Pascal Itangishaka umwe mu bari mw’iryo shirahamwe akaba arongoye Club z’inyigisho z’igiswahili. Ngo umugambi wa mbere  ni uwo kwigisha igiswahili .Abo banyeshure biga ikiringo c’ amasaha 120 .Ivyigwa bitunganijwe ku ntambwe zibiri. Kuva ku ntambwe uja kuyindi,ukora ikibazo co kwandika n’ico kuvuga. Mu ntambwe ya mbere  hajamwo abantu bataramenya canke bazi bike mu bijanye n’ururimi rw’igiswahili. Intambwe ya kabiri ishikamwo uwamaze kumenya ibitari bike , ariko agaca yigishwa ku buryo ashobora kuvuga neza igiswahili.Ubu abamaze kuronka impapuro bagera ku 2000.

Mu batumire batandukanye bari baje gushigikira ico gikorwa co gutanga impapuro harimwo umupfasoni Dorothée Nshimimana asanzwe imyaka 24 yigisha icongereza mu ma kaminuza atandukanye yo mu Burundi.Ni nawe akurikirana abagizi iryo shirahamwe. N’abapfasoni bo mu Buyenzi ntibari batanzwe.

Ishirahamwe SAPROSSBURUNDI riguma ritera imbere kuburyo abarigize bariko babarenga 100 rikaba mbere kuva ku 30 myandagaro gushika igenekerezo rya mbere nyakanaga ryateguye kwakira inama y’akarere k’ubusereko ku gira hanoganzwe ibijanye n’ukwigisha no kumeneyekanisha ururimi rw’igishawahili gisanzwe gikoreshwa n’abantu barenga imiriyoni zitanu kw’isi nk’ururimi rwa mbere hamwe n’imiriyoni 150 nk’ururimi rwa kabiri nkuko bishikirizwa n’ubushakashatsi b’idini rya Yehova.

Ibihugu nka Tanzaniya, Kenya, Uganda, Malawi, Mozambike, Kongo iharanira intwaro rusangi, Somaliya,Komoro, Urwanda n’Uburundi birakoresha igiswahili mugabo ku rwego rutandukanye aho usanga banaruvuga ugutandukanye naho hose bagwita igiswahili ku buryo abacishako akongereza batara inkuru ngo Swahili was born in Zanzibar, grew up in Tanzania, fell sick in Kenyadied in Uganda, and was buried in Congo.

2,328 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel