Scroll to Top

Patrice Ntafatiro| Umugani wa vyamugoye vy’umugabo

By Editor / Published on Saturday, 02 Sep 2017 09:36 AM / /

Umugani wa Vyamugoye vy’umugabo yibagiwe N’Imana ikamwibuka akaruhira kwiyoberwa. Umugani wa Patiri Horumpende, mu gihugu harateye amapfa abantu bose barasonza abandi barananuka, Hakaba umugabo yitwa Vyamugoye vy’Umugabo, ahura n’Imana imubaza iti:” Ewe Vyamugoye Vy’umugabo ndagukize?” ur’uwundi ati:” Noribona he!”

Imana: Wipfuz’iki?

Vyamugoye: Utwo wonfasha twose.

Imana: Ejo uzinduke mu kabande uzohasanga ibuye riva amata uheze uze uraza kuvoma.

Vyamugoye bukeye aragenda asanga ni kumwe Imana yabivuga aravoma arataha barihereza, ntivyakabaye kera avuga ko uwaciye intoboro yaciye nto maze bimutevya ngo ariko arivomera, ahava yigira Inama ko uwoyagura hoheza hakaza nyabuna amata menshi. Ni kwo gushusha umugera araheza agerageza kwagura ┬árya soko naryo riraheza rica ┬áriraziba asubira inyuma yimyiz’ibanfu .

Amakuru ya Vyamugoye, umugani wa Jean Bastiste Ntahokaja, Icese ca Gaspart Bayaganakandi, n’ibindi vyinshi kurikirana mu kiganiro aha musi na Patrice Ntafatiro

3,224 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel