Scroll to Top

Rugumandiye Yvan yamaze gusinya muri Mbao Fc

By Editor / Published on Thursday, 31 Aug 2017 06:51 AM / /

Umunyegori w’Umurundi Rugumandiye Yvan yamaze gusinya umwaka umwe mu mugwi Mbao Fc wo mu gisagara ca Mwanza mu Gihugu ca Tanzania.

Inyuma yo kwumva ayo makuru indundi Sports yegereye uyo mukinyi imubaza ingene yiyumva inyuma yo gusinya muri Mbao Fc.

Rugumandiye Yvan akaba yagize ati: ” Ndanezerewe cane kuronka ayo masezerano bica bimpa inguvu zo gukora cane kugira nshike kure, intumbero yanje n’ugukora ibintu vyiza kugira mboneke n ‘iyindi migwi ikomakomeye ice inyifuza.

Rugumandiye Yvan akaba akurikiye abandi bakinyi babarundi aribo Ndikumana Issufu Lule, Mvuyekure Emanule hamwe n’umumenyereza Ndayiragije Etienne . Akaba yahora akina mu mugwi Musongati Fc yanaciye mu migwi ya hano iwacu nka Flamengo, Athletico, Muzinga, Musongati, hamwe na Kavumu Fc ariyo yamureze

2,757 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel