Scroll to Top

Iyi niyo Nkomoko n’insiguro y’izina rya Afrika Nova

By KING YANN COOL / Published on Friday, 01 Sep 2017 02:00 AM / /

Afrika nova ngo ntiyaririmvye gusa, ahubwo n’ugucapa navyo yarabikoreyemwo kuva akiri muto.

Umwuga w’ukuririmba ntiwizanye ariko urafise ah’ukomoka, kandi siwo mwuga gusa yakoze, ariko ngo  yaranakoreye muvy’ugucapa akiri umuyabaga. Ivyo vyashikirijwe na Afrika Nova ubwiwe mu kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru  Ginette Gratton, mu kiganiro “Pour Tout l’Amour du Monde” c’imboneshakure “Rogers Télé” muri Canada, hari mu mwaka wa 2012 nkuko tubikesha urubuga rwa Youtube rw’uyo muririmvyi.

Muri ico kiyago camaze umwanya utari muto, Rugerinyange Antoinne Marie izina yahawe n’abavyeyi yavuze neza ko zina Nova yarasanzwe arikoresha ku mpapuro yacapako -signature- akiri muto. Africa Nova aca anafata ingingo yo kunarikoresha mu ndirimbo kuko yarasanzwe anaririmba.

Mu myaka y’ 1967 niho ngo yiha ako kazina kazananye n’umuzo w’ukwikukira muri bino bihugu vya afrika yo hagati, aho hanakomoka insobanuro y’ako kazina. Africa Nova bisobanura Afrika nshasha, ngo nico cari kiri ku mutima wa Rugerinyange kuko yabona ku bwiwe ko umuzo w’ibihugu bishasha nk’Urwanda, Congo n’ibindi nk’Uburundi muri Afrika, bizotuma haboneka afrika nshasha.

Umukurambere Africa Nova ashirwa mu gitigiri ca ba Burikukiye, ngo indirimbo zamutwaye umutima muri ico gihe ngo zari indirimbo zikomoka mu gihugu ca Congo. Mu makuru yacu yo  hanyuma tuzogaruka ku buryo Nova yabona umuziki wo muri kano karere muri ico gihe ciwe.

3,387 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel