Scroll to Top

#Urwevu| Yaco utinya kubaza canke gusaba ngo wokwankirwa.Goborora ururimi!

By Indundi Staff / Published on Friday, 01 Sep 2017 05:16 AM / /

Ukwo abahinga babivuga, ukubahuka ukabaza canke ugasaba biguma birimwo inyungu  hatarinze kurabwa ko wishuwe neza canke waronkejwe ivyo wifuza.

Abahinga babigendereje baratanga ihumure ku bantu batinya kubaza canke gusaba  ngo bohava bishurwa nabi canke ntibahabwe ivyo bifuza.

Inkuru ya mbere iremesha n’uko burya ababigendereje basanze abantu benshi ngo iyo ubabajije canke hakagira ico ubasaba ngo baheza bakumva bogufasha bivanye n’ikibazo cawe ukwo kimeze be n’ico kigamije.

Yamara rero iyo upfanye isoni ugatinya kubaza, nkuko benshi bibashikira banka ko bohava bankirwa, ngo uraheza ugapfana ishavu nk’ishuri kandi kumbure iyo ubaza wari guheza ugatunganirizwa.

Hari n’abandi ah’ugushira ahabona ivyifuzo vyabo, bahitamwo kuguma bazunguruka nk’inzuki ku gitiba, bategereje ngo ico nyene gufita ivyo bifuza azoteba yibwiriza maze aheze abatunganirize. Kenshi mwen’abo bahereza gutaha zirayoye n’imyidogo hambavu ngo “ntako ntari nagize ngo abone ivyo nshaka”.

Ubushakashatsi mu mibereho y’abantu bwerekana ko umuntu muri kameremere kiwe akunda gufasha mu kiringo abisabwe. Ivyo ngo bivana n’ukuntu umuntu kuva akiri muto agenda arahabwa indero y’ukuza arakora ivyo asabwe. Na narirya kenshi na kenshi umwana akiri muto asanga ivyo yibwirije vyinshi gukora umuvyeyi kenshi aca amwihaniza, ngo araheza rero agakura vyaramaze kuja mu gatimatima kiwe y’uko ivyo akoze asabwe arivyo biba vyiza.

Nayo ku batinya ngo erega nosaba bohava banyima maze nkamaramara, abo bahinga babahanura bati , reke sigeho namba! Burya ngo iyo usavye, uko bigenda kwose urunguka.

Iyo uhejeje ukaroswa ivyo wasavye hoho ni amarame. Iyo naho bakwishuye baguhakanira canke mbere ntibanakwishure namba, naho nyene nivyo ko uba ubuze ivyo wifuza yamara uba wungutse kandi ibitari bike. Ica mbere n’uko uba urose inyishu uko iba ije kwose. Ubwa kabiri, biraheza bikagufasha kumenya uko uri bubigenze, nimba ar’uguhindura insabo cank’ukuronderera ahandi, hakugumana ikizerezere , kinyegeje ataho kumbure kinafatiye.

Ugashaka gutera imbere n’ejo n’ejo bundi, tangure bugingo bwa none wihe intumbero y’ukubaza ivyo vyose wumva bikuzazaniye. Yamara ntukagende witeza kuronka inyishu wifuza. Uzogende witeze kuronka inyishu gusa uko iba kwose kanatsinda mbere nk’uko abahinga babivuga, uko kenshi uzokwankirwa niko kenshi uzoba uriko wongereza amahirwe y’ukwemererwa.

Goborora ururimi.

 

4,533 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel