Scroll to Top

Umurwi udasanzwe w’ukwihweza ivy’agateka ka zina muntu waraye utowe ikivunga.

By Indundi Staff / Published on Friday, 01 Sep 2017 07:38 AM / /

 

Ejo haraye hakeye niho inama nshingamateka yatora itoye itegeko rishiraho umurwi ujejwe ivy’ugukwirikirana iv’agateka ka muntu mu gihugu cacu.

Uwo murwi ugizwe n’abashingamateka 12 rero ufise inkomoko mu nama nkuru ijejwe umutekano ya ONU , ukaba ufise ikiringo c’amezi atatu.

Nayo kubijanye n’ibikorwa uzoba ujejwe, ahanini ngo uzogenzura neza wihweze ko ibiri mu cegeranyo c’iyo nama Nkuru y’Umutekano ya ONU ivuga ku gihugu cacu ari ukuri koko, wongere kandi wihweze ko urwego rw’ubutungane burangurana ubwira igikorwa bujejwe maze kandi ngo uheze usuzume uko imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibisata mpuzamakungu bijejwe agateka ka zina muntu yifashe.

Hejuru y’ivyo uwo murwi kandi uzoheza wihweze imvo nyezina zoba zituma impunzi z’Abarundi ziri mu bihugu bibanyi zidatahuka na canecane hakihwezwa ko amasezerano mpuzamakungu ajejwe gukingira impunzi yateweko umukono mu mwaka wa 1951 yoba yubahirijwe koko.

Itegeko ryatowe ikivunga , ata n’uwuhigimanze.

Categories : Burundi homepage

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel