Scroll to Top

Yazuwe aho yari yazitswe inyuma y’ukugandagurwa .

By Indundi Staff / Published on Friday, 01 Sep 2017 07:46 AM / /

Ibisigarira vyiwe nivyo vyatowe aho vyari vyahambwe ku musozi Mwanda , komine Bubanza , mu murima w’imyumbati. Ivyo bisigarira vya nyakwigendera Athanase MANIRAKIZA vyagiye rero kuzurwa inyuma y’aho abanyagihugu bari basanzwe bari ku kivi baboneye ko hari ahantu hahambwe umuntu. Inyuma yaho barahavuye baca barabimenyesha abajejwe intwaro maze gutyo habona gufatwa ingingo y’ukumushingurana iteka riterwa abantu.

N’ayo amakuru ava mu biwe amenyesha ko bamuheruka yari yagiye ajanye n’abandi bashika batanu mw’ijoro ryo ku wa 29 z’uku kwezi guheze imbere rero y’uguhava atorwa aza yarashitse mu kinogo.

Ibindi bivurwa kandi n’uko uwo nyene kugandagurwa yanuganurwa ko yoba ngo yari kaboko, ivyo bikavurwa kandi na narirya ngo atari amaze imisi myishi avuye mu munyororo inyuma y’ikigongwe c’ikivunga catanzwe n’Umukuru w’igihugu.

Yaba rero abamugandaguye, canke yaba abo bamuhitanye be n’ivyo bari bagiye gukora gushika ubu ntibiramenyekana , amatohoza akaba ngo ariko arakorwa nkuko bimenyeshwa n’abajejwe umutekano.

8,757 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel