Scroll to Top

Sport for Life Kazoza Academy: Ubuhinga bwigendera [Amafoto]

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 02 Sep 2017 10:29 AM / /

Kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 2 Nyakanga, ishure ryigisha urukino rwa Basket Ball, abana bakiri bato ” Sport for Life Academy” niho barangiza ibikorwa vyo muri rino ci.

Ibikorwa vyabereye aho basanzwe bakorera imyimenyerezo ku kibuga c’Ubushikiranganji  bw’ubutungane aho benshi bita kuri Parquet, abana bagera kw’116, nibo bari bitabiriye ibirori baherekejwe n’abavyeyi babo. Ibirori vyari vyitabwe kandi n’abasanzwe barongoye urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi no mu gisagara ca Bujumbura. Harimwo na bamwe mu bakinyi bakomeye bo mu cicaro ca mbere mu bahungu no mu bigeme.

Ku bugenegene bwinshi, abana bakorera imyimenyerezo muri iryo shure, berekanye ko amezi abiri bari bamaze bari hamwe kutabaye guta umwanya.  Kuva igihe c’isaha zibiri n’inusu(8h30)gushika isaha zitanu n’igice (11h30), kari akaryo kuri iyo mikangara, aho berekanye ubuhinga bukomeye bize.

Inyuma y’aho, abatumire batandukanye bafashe ijambo, uwaserukiye abavyeyi, uwurongoye ishirahamwe rya Basketball hano mu Burundi, bose bashimye igikorwa cakozwe  n’abamenyereza  bo muri iryo shure. Abana nabo ntibagiye badashimye urugero bagezeko hamwe n’ugushimira abavyei babo babashize muri iryo shure.

Ibirori bikaba vyarangijwe n’ugusangira agafanta hagati y’abana n’abavyeyi n’abatumire bari bitabiriye ivyo bikorwa. Sport for Life Kazoza Academy ikba igye kubandanya ibikorwa bisanzwe ku minsi ibiri gusa mu ndwi kuko abanyeshure bagiye gutangura amashure.

7,207 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel