Scroll to Top

Don Brighter yavuze ibikomeye mu karirimbo kiwe “My World”

By KING YANN COOL / Published on Monday, 04 Sep 2017 03:58 AM / /

Mu majambo avunaguye kandi ahinyitse, Don Brighter mu karirimbo “My World” yavuze bimwe mu bibera kuri ino tubako.

Ingabire Don benshi bazi nka Don Brighter ni umwe mu baririmvyi b’abarundi babarizwa ku mugabane wa amerika, uwo akaba asanzwe azwi cane kubera uburyo yandikamwo indirimbo ziwe, aho ziba zifise amajambo ahinyitse ariko harimwo ubutumwa butumbereye ku muntu canke ikintu  kanaka.

Inyuma y’akaririmbo “Amekoma” yariko yishura uwaheruka kubifatira mu gahanga, Don ashize ahabona akaririmbo yise  “My World”  kari mu rukurikirane yasohoye ruriko ruragurishwa ku mbuga zitandukanye zisanzwe zigurisha umuziki, kakaba kandi karitiriwe urwo rukurikirane nyene. Muriko asa n’uwerekana akababaro afise kubera ibisanzwe bibere kuri ino si.

Brighter akaba avuga kubishikira uwufise n’uwutifise, aho uwufise bavuga ko yakoresheje uburozi, nayo uwutagira na kimwe na bamwita umunebwe.

Amasanamu y’ako karirimbo co kimwe n’iyo ndirimbo ubwayo akaba yabikoreye aha Iwacu aho yari yahaciye mu karuhuko aheruka kugirira muri kano karere Uburundi burimwo.

3,298 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel