Scroll to Top

ONU yasavye CPI kugira amatohoza ku Burundi mu maguru masha

By La Rédaction / Published on Monday, 04 Sep 2017 19:36 PM / /

Nk’uko bimenyeshwa n’imboneshakure y’abafaransa France24, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kugira amatohoza mu maguru masha ku mabi yabereye mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga, ishirahamwe ONU naryo ngo rikaba ryabisabwe n’intumwa zaryo zari zaje kugira amatohoza mu Burundi ku mabi yakozwe kuva mu mwaka wa 2015 ku mvururu za poritike zabereye mu Burundi.

Mu vyegeranyo vyaheruka gutangwa n’abakomiseri batatu ngo bikaba vyavuye mu ntahe zashikirijwe n’ivyabona biharurwa mu majana atanu, benshi muribo ngo bakaba bagizwe canecane n’impunzi z’abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye hamwe n’ikindi gice c’abagumye mu Burundi.

2,341 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel