Scroll to Top

Yamenyesheje aho amashure azotangurira

By La Rédaction / Published on Tuesday, 05 Sep 2017 05:07 AM / /

 

Mu gihe abanyeshure bamaze iminsi mu buruhuko bagumana amadidane ku munsi nyezina bazosubira gutangurirako amashure, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, Juma Edouard yatamenyesheje isango amashure azokugururirako.

Mw’itangazo yashize ahabona kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga, Juma Edouard amenyesha ko ku munsi wa mbere w’indwi iza, igenekerezo rya 11 Nyakanga uwu mwaka ko ariho amashure  azosubira kwugururwa.Iryo sango ritanzwe mu gihe igikorwa co gukwiragiza abaigisha aho bakenewe kikibandanya mu gihugu nka hose.Bikavugwa ko mu mashure y’intango, abigisha barungitwze gukorera kure y’imiryango yabo bizobagora.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’indero bakibaza nimba ingingo ziherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’indero zizokurikizwa.Muri izo harimwo ko abanyeshure bose baba abo mu mashure yegukira Reta n’ayabigenda batereka imishatsi nkuko bigombeye kandi ko abigisha bokubahiriza inyambaro y’umurezi.Aha hakavugwa ya mishatsi bahindura, utujipo tugufi ku bakenyezi hamwe no gusiga inzara n’iminwa.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel