Scroll to Top

Impunzi z’abarundi ibihumbi 12 nizo zitezwe gushika mu mpera z’uno mwaka

By La Rédaction / Published on Tuesday, 05 Sep 2017 07:51 AM / /

Impunzi z’abarundi ziharurwa mu bihumbi icumi na bibiri nizo zitezwe guhunguka imbere y’uko uwu mwaka turimwo wa 2017 urangira.

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji  w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zikundisha igihugu Pascal Barandagiye, kuri uwu wa kane uza, igenekerezo rya 7 Nyakanga uwu mwaka, hitezwe kwakirwa umuce wa mbere w’izo mpunzi z’abarundi zahora mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya aho ngo zizoca ku mupaka wa Gasenyi i Mabanda mu ntara ya Makamba.

Izo mpunzi ngo zikazobanza gushikanwa mu masite imbere y’uko zishika ku mitumba zamukamwo, aho ngo hambavu y’agakemanyi ishirahamwe HCR rizoronsa izo mpunzi mu kiringo kingana n’amezi atatu, ngo bizeye ko ishirahamwe FAO naryo ngo rishobora kuzobaronsa imbuto.

6,153 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel