Scroll to Top

Asaba umukuru w’igihugu n’umushikiranganji w’ubutungane gufata mu minwe ikibazo kibahanze

By La Rédaction / Published on Wednesday, 06 Sep 2017 03:44 AM / /

Musitanteri wa komine Butezi asaba umukuru w’igihugu cacu hamwe n’umushikiranganji ajejwe ubutungane gufata mu minwe ikibazo c’indyane z’amatongo kimaze igihe carabaye akayoberabahinga.

Indyane z’amatongo zimaze imisi hagati y’umushingantahe  Samuel Ntirampeba hamwe n’abanyagihugu barenga amajana umunani basanzwe baatuye ku mutumba wa Muyange wo muri zone Mubira, komine ya Butezi mu ntara ya Ruyigi, zabaye akayoberabahinga ku buryo na Musitanteri w’iyo komine asaba ubufasha umukuru w’igihugu cacu hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane.

Inyuma y’aho sentare nkuru ya Ruyigi iciriye urubanza rwari hagati y’iyo mirwi ibiri maze ikamenyesha ko umushingantahe  Samuel Ntirampeba arushije imiryango igizwe n’abantu barenga amajana umunani igaheza ikayisaba ko yokwimuka maze amatongo iyo miryango yahora ibamwo akegukira bwana Ntirampeba, iyo miryango yatashe agashavu kaniga gushia naho igira imyiyerekano ku murwa mukuru w’iyo komine ya Butezi kuri uyu wa kabiri uheze.

Musitanteri wa komine Butezi, umupfasoni Georgine Mbonimpa akaba yahavuye asaba abo banyagihugu gusubira mu mihana yabo batekane maze ivyo basaba babisabe mu mutekano ntangere boye gutera uruhagarara gutyo babone gutunganirizwa.

984 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel