Scroll to Top

Ikigo API caronkeje inyigisho abashorera mu makungu

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 05 Sep 2017 11:37 AM / /
Didace Ngendakuman arongoye ikigo API

Ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe (API) catunganije inyigisho ku bashorera ibidandazwa vyabo hanze n’abandi bataratangura kudandariza hanze ariko bavyifpuza kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 nyakanga mu nyubakwa z’ihoteri Best Out Look iri i Kiriri. Izo nyigisho zari zerekeye ibisabwa ku rwego mpuzamakungu kugira ngo umuntu ashore ibidandazwa kw’isoko mpuzamakungu. Intumbero y’izo nyigisho kwari ugukarihiriza ubwenge abasanzwe bashorera hanze ibikoregwa mu Burundi hamwe nabipfuza gutangura kubishora.

Bamwe mu bitavye inyigisho

Mw’ijambo ryo kugurura izo nyigisho, uwurongoye ico kigo Didace Ngendakumana yakeje abo bashora ibintu bituruka i Butundi mu makungu ku kamaro ntangere bafitiye igihugu c’Uburundi mw’iterambere.

Didace yabariye abari baje gukurikirana inyigisho ko atawuyobewe akamaro abashorara hanze ibidandazwa abafitiye isi mu guteza imbere ibijanye n’ubutunzi.Ariko ntiyibagiye kwibutsa ko Uburundi bufise ingorane mu bijanye n’amafaranga y’agaciro hamwe n’umuyagankuba.

Ku bwa Didace, kugira amafaranga y’agaciro aboneke ni uko abarundi bogwiza ivyo bashorera hanze.Ivyo navyo ngo ntibishoboka mugihe batotangura kugwiza umwimbu.

Ngendakumana yasavye abitavye izo nyigisho ko kubera ingorane ziri mu kigo kijejwe kugenzura akaranga k’ibidanadazwa vyinjira n’ibisohoka mu Burundi bo baza ibibazo maze bagasabikanya uko ibntu vyifshe.

5,467 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel