Scroll to Top

#indundi Sports| Younde yirukanywe muri Bugesera fc Naho

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 06 Sep 2017 08:08 AM / /

Uwahoze ari umumenyereza wa kera mu mugwi Vital’o Fc ya hano iwacu Kanyenkore Gilbert Yaounde yamaze kwirukanwa mu mugwi Bugesera Fc wo mu gihugu c’Urwanda.

Amakuru ava mu ndongozi z’ umugwi Bugesera Fc nuko bamaze kumuhagarika, impamvu ngo nuko babonye yuko babandanije bakorana nawe atahantu bashobora gushika, kandi ngo agakunda kuja I Burundi cane agata akazi kiwe .

Kanyenkore Yaoundé akuba ari umugwi ugira, kabiri ahagaritswe amabanga yo kumenyereza, inyuma yo kumenyereza umugwi APR FC imisi 16 aca yerekwa umuryango usohoka.

Kanyenkore Gilbert Yaoundé akaba yari amaze kugura abakinyi, nka Steeve Nzigamasabo hamwe na Bukebuke Yanick, tutibagiye na Nininahazwe Fabrice Messi bakiniye mu migwi ya hano wacu .

1,716 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel