Scroll to Top

Bamwe mu mpunzi z’abarundi bamaze gushika mu gihugu c’amavukiro

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 07 Sep 2017 08:01 AM / /

Kuri uyu wa kane igenekerezo ry’7 nyakanga niho ishirahamwe HCR ryatangura gutahukana impunzi z’abarundi zahora mu makambi y’impunzi  mu gihugu ca Tanzaniya.Imiduga yabazanye ikaba yaserukiye muri Komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi.Yakiriwe n’abamwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati nka Ntahiraja Jacques, umwunganizi w’umushikiranganji w’intaro yo hagati.

Nkuko bimenyeshwa na Jacques Ntahiraja haratagekanijwe ibigo bitandukanye  mu gihugu vyokwakira izo mpunzi.Ico i Gitara muri Komine Mabanda gitegekanirijwe impunzi 1690, ico i Nyabitare  na Ruyigi mu ntara ya Ruyigi 2062.Ikigo ca Songore i Muyinga kizokwakira impunzi 1281 mu gihe ico muri Bujumbura Rural kiri mu Kajaga hitezwe 432.Ku mpunzi 350 zarizitezwe guhunguka uno munsi 49 ntibaje. Umushikiranganji w’intaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya yari yahaye iminsi ishirahamwe HCR yokuba ryatanguye gutahukana impunzi z’abarundi ahandi hoho yociye yikora ku miduza ya gisirikare mu kubatahukana.

Niyo baje bava ntigwitaha. Kuri uyu wa kane nyene umushingamateka  Tundu Lissu yatowe mu ntara ya Singida akaba umushingwamanza w’umugambwe CHADEMA yarashwe mu gihe yari i Dodoma.

 

6,943 total views, 9 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel