Scroll to Top

#Indundi Sports| FIFA Ballon d’or: Menya abarundi bafise uruhusha rw’ugutora.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 07 Sep 2017 08:27 AM / /

Kuva kw’igenekerezo rya 21 myandagaro uno mwaka, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi  FIFA, ryashize  ahabona urutonde rw’abakinyi 24 bazotorwamwo umukinyi mwiza yarushije abandi muri uno mwaka wa 2017.

Kuri uno munsi wa kane igenekerezo ry’ 7 nyakanga, niho abafise uburenganzira bw’ugutora umukinyi mwiza azohabwa umupira w’inzahabu (2017), baheza gutora, aho mu kwezi kwa mbere k’umwaka uza wa 2017, hazomenyekana umukinyi yarushije abandi.

Hano mu Burundi tukaba twamenye abarundi batatu, bafise uburenganzira bw’ugutora uyo mukinyi nk’uko amategeko ya FIFA abisaba.

  1. Ndikumana Yamin Selemani ( Kizigenza w’Intamba mu Rugamba)
  2. Niyungeko Alain Olivier ( Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu)
  3. Kibuga Ramadhani( yatowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abanyamakuru b’inkino bagize umwuga)

 

Urutonde rw’abakinyi 24, bazotorwamwo batatu beza ni:

Cristiano Ronaldo (Real Madrid)

Toni Kroos (Real Madrid)

Dani Carvajal (Real Madrid)

Marcelo (Real Madrid)

Luka Modric (Real Madrid)

Keylor Navas (Real Madrid)

Sergio Ramos (Real Madrid)

Lionel Messi (FC Barcelona)

Luis Suarez (FC Barcelona)

Andres Iniesta (FC Barcelona)

Antoine Griezmann (Atletico Madrid)

Paulo Dybala (Juventus)

Gianluigi Buffon (Juventus)

Leonardo Bonucci (AC Milan)

Eden Hazard (Chelsea)

N’Golo Kante (Chelsea)

Zlatan Ibrahimovic (ex-Manchester United)

Harry Kane (Tottenham)

Alexis Sanchez (Arsenal)

Robert Lewandowski (Bayern Munich)

Manuel Neuer (Bayern Munich)

Arturo Vidal (Bayern Munich)

Pierre-Emerick Aubameyang (Borussia Dortmund)

Neymar (Paris Saint-Germain)

Mukibuka ko, umupira w’inzahabu w’umwaka uheze watwawe na Christiano Ronaldo Do Santos Aveiro, akinira Rea Madrid.

9,323 total views, 85 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel