Scroll to Top

Abari mw’ishirahamwe UNABUDI n’abari muri Amical ngo ni incuti

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Sep 2017 06:33 AM / /

Uwuri mu mahanga ashobora gutaha, uwuri i Burundi akaja mu mahanga, ngo nico gituma abo bose ari incuti kuko umwe wese ashobora kwinjira mu rindi shirahamwe ukuri kwamye.

Abaririmvyi bari  i Burundi ngo n’incuti z’ishirahamwe UNABUDI inyenyeri z’Uburundi kubera nabo aho bukera bashobora kwunguruza bakisanga mu mahanga nabo bagashobora kwinjira iryo shirahamwe. Ivyo vyashikirijwe na Kaka Boney nawe asanzwe ari inararibonye muri iryo shirahamwe, akaba kandi n’umunyamabanga waryo.

Iryo shirahamwe rikaba ari rishasha rihurikiyemwo abaririmvyi n’abandi bose bafise ivyo bakora bijanye n’imico n’akaranga k’Uburundi ariko basanzwe baba mu mahanga. Abo bakaba bavuga ko bagiye hamwe ngo bafashe cane cane abarundi bari mu mahanga kugumana akaranga kabo.

Mu kiyago Indundi Magazine yagiranye na Kaka Boney, yamenyesheje ko gushika Ubu bamaze kuronka abanywanyi bashika kuri 60 mu kiringo c’amezi abiri gusa batanguye. Abo bose bakaba bakwiragiye ku migabane yose igize iyi si y’Umukama.

Uwo munyamabanga yabandanije amenyesha ko bakiriko baritegura neza ngo batore ahazoba icicaro cabo gikuru, ariko bakemeza ko ari ku mugabane wa Burayi naho igihugu kitaramenyekana.

Mubimaze gukorwa harimwo ukwugurura urubuga rwa Facebook ari narwo basaba uwo wese yipfuza kwinjira muri iryo shirahamwe kwifashisha mu kubarondera.

Kuva ku musi wa kabiri hakaba hariko hakwiragizwa ubutumwa bushira ahabona ibiro nshingwabikorwa vy’iryo shirahamwe rishasha

1. Umukuru w’ishirahamwe ( President ): Felicien Minani Nsengiyumva batazira Femi de j’Abat, aba i Norvege
2. Icegera ciwe ( Vice Présidente ): Marie-Goretti Habonimana batazira Goreth Amabano aba mu Bubirigi
3.Urwego rw’umunyamabanga mukuru ( Secrétariat Général): Bonaventure Havyarimana batazira KAKA Boney aba muri Amerika

4.Urwego rujejwe ivy’Ubutunzi ( Trésorerie ) : Emmanuel Sadiki batazira Kilo Kilo aba mu Bubirigi na Riziki Uwinyota aba muri Allemagne
5 Urwego rwo guhanahana amakuru ( Communication): Mireille Keza Delfosse aba mu Bufaransa.
6. Urwego rujejwe kuyamenyesha abatari mw’ishirahamwe ( Publicité): BKY Amissi aba muri Canada
7. Urwego rujejwe gutunganya ibiteramo n’amanama Nkarishabwenge ( Concerts & Seminaires): Serge Nkurunziza aba Uganda
8.Urwego rujejwe imibano n’inyifato ibereye ( Social & Discipline ) : Mpangaje Luc batazira Balozi aba muri Amerika
9. Urwego rujejwe itunganywa ry’ibikorwa n’ubushakashatsi ( Coordination & Stratégie) : Maisha Mustafa aba muri Amerika
10. Urwego rw’abahanuzi ( Conseillers ): – Marie Louise Sibazuri aba muri Australie , Sadi Kinyunda aba muri Kenya, John Mbonimpa aba mu Bubirigi

Iri shirahamwe rikaba rivutse inyuma y’ibibazo vyavutse mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi – AMB- ari naho havutse irindi shirahamwe ryavuze ko rije guharanira inyungu z’abaririmvyi ndundi . Amashirahamwe ubu akaba aharurwa muri 3 aharanira inyungu z’abanyabuhinga n’ubumenyi b’abarundi.

4,248 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel