Scroll to Top

Rumonge| Umushikirizamanza wa Repubilika yaraye acitse kw’icumu

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Sep 2017 00:56 AM / /

Umushikirizamanza wa Repubilika mu ntara ya Rumonge, umupfasoni Donathe Niyonsaba yaraye ahatswe kugandagurwa n’umuntu yamusanze mu biro iwe.

Uwafashwe yagirizwa guhakwa kugandagura umushikirizamanza wa Repubilika mu Rumonge

Mu gatondo ko kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 7 Nyakanga uwu mwaka, umushikirizamanza wa Repubilika mu ntara ya Rumonge, Mme Donathe Niyonsaba yaraye ahatswe kugandagurwa n’umugabo yamusanze mu biro iwe arenganye abandi bari baje gusaba ijambo maze yinjira agomba kumuramutsa amuguye mu nda.

Mme Niyonsaba amaze kugira amakenga kuri uwo mugabo yagomba kumuramutsa amuguye mu nda kandi ataho amuzi akaba yahavuye atabaza abapolisi basanzwe bacungera umutekano wiwe niho bamaze gusaka uwo mugabo basanga yambariye ku ntambi babona kumuhagarika maze babanza kumubaza ibibazo imbere y’uko yumvirizwa n’ubutungane mu rubanza rw’ikibiriraho.

3,235 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel