Scroll to Top

Musenyeri Nahimana aramenyesha aho igikorwa biyemeje kigeze

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Sep 2017 07:13 AM / /
    Musenyeri Yohani Louis Nahimana arongoye umurwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi, CVR

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Nyakanga uwu mwaka, Musenyeri Jean Louis Nahimana asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’umurwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi, CVR_Burundi, yamenyesheje ko mu gikorwa bamazemwo imisi c’ukwegeranya ivyagiriza (dépositions) hamwe n’intahe (témoignages) bashikirijwe n’abanyagihugu bo mu ntara zibiri, intara ya Mwaro hamwe n’intara ya Karusi, ivyagiriza birenga ibihumbi bine (4,792 dépositions) ngo nivyo bashoboye kuronswa mu mayinga atarenga atatu, n’ukuvuga hagati yo kuva kuwa 9 gushika kuwa 29 myandagaro uwu mwaka turimwo.

Mu ntara ya Mwaro, Musenyeri Nahimana yamenyesheje ko bashoboye n’ukuhubura imva rusangi zigera kw’ijana na cumi anamenyesha kandi ko ico gikorwa bihaye c’ugucukura kumenya ukuri ku mabi yagiye arashikira Uburundi n’abarundi ko bagiye kukibandanya no mu zindi ntara zose zigize igihugu cacu.

4,884 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel