Scroll to Top

Ngo yahavuye arara yihaye akagozi

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Sep 2017 12:42 PM / /

Nk’uko bivurwa n’abahegereye, Donatien Nyabenda yari yaraye mu gasho k’igipolisi mu Rumonge ngo yahavuye arara yiyahuye akoresheje umusegetera.

Nyabenda Donatien yari yafashwe yagirizwa guhakwa kugandagura umushikirizamanza wa Repubilika mu Rumonge

Bwana Nyabenda akaba yari yafashwe kuri uwu wa kane waraye uheze yagirizwa n’umushikirizamanza wa Repubilika mu ntara ya Rumonge guhakwa kumugandagura akoresheje intambi mu gihe yari amusanze mu biro aho asanzwe arangurira imirimo yiwe ya misi yose.

Ukwo kwiyahura kwa bwana Nyabenda ngo kukaba kugiye gutuma aboba bari inyuma y’ubwo bubisha bw’uguhakwa kugandagura uwo mushikirizamanza batamenyekana yamara amatohoza ngo akaba ageze kure, gushika ubu ngo hakaba hariko harakurikiranwa abantu batari bake harimwo n’abajejwe umutekano bari kw’izamu muri iryo joro.

Buramatari w’iyo ntara ya Rumonge akaba amenyesha ko uwo muhisi ngo yoba yasize yanditse inyandiko zizoshobora kubafasha mu matohoza barimwo.

4,407 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel